UBM News ads UBM News ads
Friday, April 12, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ikigo RBA kivuga ko ibiheruka gutangazwa na tereviziyo y’urwanda ku ngabo z’uburundi ziri muri Congo atabwo ari icipfuzo c’urwanda ko ari iciyumviro c’uwabivuze.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuyobozi mukuru w’ikigo ca Leta y’urwanda kijejwe kuraba ukwo ibinyamakuru bikora (RBA), Arthur Asiimwe yasubije igisirikare c’uburundi giheruka kwagiriza tereviziyo y’urwanda gucapfuza ishusho y’ingabo zaco ziri mu buseruko bwa Congo mu butumwa bwa EAC. Uwurongoye RBA akavuga ko ivyo vyashikirijwe n’iyo tereviziyo atabwo ari iciyumviro canke icipfuzo ca Leta y’urwanda canke ica RBA ko ahubwo ari iciyumviro cashikirijwe n’umuntu ku gatwe kiwe.

Asiimwe yagize ati :”Ntabwo ari iciyumviro ca Leta y’urwanda cankwe ica RBA. Ni iciyumviro cashikirijwe n’umuntu ku gatwe kiwe kandi ko yabivuze nk’umuntu yigenga. Ivyo yavuze ntibisigura ko bishigikiwe na Leta y’urwanda canke RBA, ahubwo yatanze iciyumviro nk’uwundi mutumire wese afise ukwo abona ibintu”

Tubamenyeshe ko kuwa 14 Rusama 2023, Kuri iyo mboneshakure yo mu Rwanda haciye ikiganiro “Ishusho y’icyumwero” cari catumiwemwo Evode Uwizeyimana na Gasominari Jean Baptiste aho basesangura ku ngabo z’umuryango wa Afrika y’amaja epfo (SADC) zishobora kuja mu gihugu ca Congo na cane cane mu buseruko bw’ico gihugu guhangana n’umuhari M23. Gasominari yavuze ko ingabo z’uburundi ziriko zifadikanya n’imihari yitwaje ibirwanisho nka Nyatura na FDRL zikayiha imyimenyerezo ya gisirikare mu ntara ya Kivu y’uburaruko neza na neza muri teritwari ya Masisi.

Inyuma y’indwi imwe gusa Ico kiganiro caraciye kw’iyo mboneshakure y’urwanda, Umuvugizi w’igisirikare c’uburundi yatangajeko abasirikare babo barungitswe mu buseruko bwa Congo bakora neza bimwe vyo gushimirwa. Floribert Biyereke akagiriza ariko tereviziyo y’urwanda kuvyo iheruka gutangaza kw’izo ngabo zabo ziri muri Congo ko ari igitutsi kuri zo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments