Haribonekeza igipfungu mu bijanye no kumenya ukuri ku bwicanyi bumaze imisi bukorwa muri komine n’intara ya Bururi. Mu gihe bimenyerewe abafatanywe itonga mu bikorwa vy’ububisha nk’ivyo baca bacirwa imanza z’ikibiriraho, Abamaze gufatwa bose mw’iyo ntara ntawuzi iyo bajanywe gupfungirwa kimwe gusa harimwo abashoboye kuvuga ko batumwe ndetse bakanahembwa umwumwe amafaranga ibihumbi 300 vy’amarundi iyo bishe umuntu. Naho bitaramenyekana neza abamutumye canke abo bafashanya mw’uwo mugambi ugayitse, Umudandaza yitwa Yoweli akorera mu gisagara ca Bururi akaba ngo ariwe yabaha ayo mafaranga barangije ico gikorwa co kwica abantu hakoreshejwe imipanga.

Abantu bamenyekanye ko batemagujwe imipanga muri komine Bururi kuva mu ntango z’ukwezi kwa Rusama , bangana 12. Batanu muri bo barapfuye nayo indwi barakomereka cane. Abashoboye gufatwa mu bariko bakora ubwo bwicanyi baravuze ababatumye gukora iryo bara. Ngo bakaba babemerera amafaranga, ayo nayo ngo yatangwa n’umudandaza wo mu gisagara ca Bururi yitwa Ndagije Yoweli.
Amakuru yashizwe ahabona n’umwe mu bafashwe ariko akora ubwo bwicanyi, avuga ko uwo Yoweli yarafise umurwi w’abantu bangana 80 maze umwe wese akamuhemba ibihumbi 300 vy’amarundi ari uko yishe umuntu. Aho bivurwa ko nyene gukora ibara yaba arahabwa ibihumbi 100 vya avanse nayo ibihumbi 200 bisigaye akayaronka ahejeje gukora ibara.
Abatari bake bahaye bihabaza imvo canke inyungu umudandaza Yoweli akura mw’ubwo bwicanyi. Abandi bahaye bibaza ko hoba hari umurwi w’ibihangange mu gihugu biriko bikorana n’uwo mudandaza mw’ubwo bubisha ku mvo zitarashobora kumenyekana. Bakabivuga bafatiye ku kuntu abo bafatanywe itonga ata numwe yaciriwe urubanza rw’ikibiriraho nkuko bimenyerewe gukorwa mu madosiye nkayo y’abafatanywe itonga. Ikindi ngo uretse kuba bataciriwe imanza z’ikibiriraho, ntawuzi aho bajanywe gupfungirwa yaba uwo Yoweli canke abo bandi yagiye akoresha. Ikindi ngo kinateye amakenga, ni ukuntu abarongoye igihugu bashimye kwigumira mu gacerere aho gutanga ijambo ry’ihumure mu banyagihugu canke ngo batere ivyatsi ubwo bwicanyi.





Recent Comments