UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Agathon RWASA avuga ko umugambwe CNDD-FDD ariwo uri inyuma y’indyane ziri muri CNL.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa avuga ko atemera ivyo aheruka kumenyeshwa mu ndwi iheze n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko amakoraniro uwo mugambwe uherutse gukoresha hamwe n’ivyayavuyemwo vyose ari impfagusa maze CNL igasabwa gutunganya irindi koraniro rizoba rikwirikije amategeko. RWASA akavuga kandi ko indyane zimaze imisi mu mugambwe CNL arongoye, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uzifisemwo uruhara afatiye ku kuntu umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse asanzwe nawene akomoka muri CNDD-FDD aguma yivanga mw’izo ndyane kandi hahonyanzwe amategeko.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC, Agathon Rwasa yasiguye amamuko y’indyane umugambwe CNL arongoye uriko ucamwo iki gihe:

“…bakoreshwa nyene n’umugambwe uri ku butegetsi kushaka ko babaho bonyene.None umushikiranganji yofata ingingo nka benizo zidahuye n’amategeko bivuye kuki?… Ubwa mbere umushikiranganji nawene ni umunyamugambwe. ubugira kabiri, ikoraniro kaminuza ry’umugambwe nirwo rwego rukuru rusumba izindi nzego zose . Ingingo yafashe nta mu nya mugambwe ashobora kuyihagarika”

Tubamenyeshe ko hari Umurwi w’abanywanyi ba CNL uherutse kwitura umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko yobarenganura mu kuburizamwo ivyavuye mu makoraniro abiri yatunganijwe n’uwo mugambwe mu kwezi kwa Ndamukiza 2023. Uwo murwi ukaba wasiguye ko ayo makoraniro yose yatunganijwe hadakwirikije amategeko. Abo mu biro bikuru vy’umugambwe CNL bakaba biyamirije ivyo vyatangajwe n’uwo murwi bakavuga ko bagamije nyabuna gushinga CNL nyakuri bashigikiwe n’ubutegetsi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments