UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ikigo OBR kimenyesha ko ibiturire bikibera intambamyi ikomeye kigatuma kihahombera.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ikigo OBR kijejwe gutororokanya amakori n-amatagisi kimenyesha ko ibiturire bituma utwigoro tw-ico kigo tuzingama  maze bigatuma ico kigo kihahombera cane. Pacifique Munyeshongore , umuyobozi mukuru w-ico kigo yabivuze kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru ni mu gihe ico kigo cari kiramutse gitunganya ku ncuro ya gatandatu umusi wahariwe umutangakori uzohimbazwa kuri uyu wa 21 kigarama i Bujumbura, ku murwa mukuru w-ubutunzi w-uburundi.May be an image of 1 person

Uwo arongoye OBR Yavuze ko ikigo arongoye cateye imbere kuva kigiyeho mu mwaka w-2009, ariko ngo gifise inzitizi zishingiye ku biturire hamwe no kunyonora.

«Ibiturire niyo ntambamyi nyamukuru mu bijanye n-ugutunganya ivyo tujejwe. Mugabo hariho kandi urudandazwa rukorwa rutisunze amategeko hamwe no kunyonora biciboekeza naho twemereye agashirukabute k-ibice 10% vy-ikiguzi c-ibigarujwe ku wadomye urutoke ku wubigize» Niko Munyeshongore yavuze yongera amenyesha ko ibidandazwa igihugu kigurisha hanze ari bikeya ugereranije n-ivyo cinjiza , naho ibishorwa hanze vyiyongereye.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments