Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeSportsUrukino rwari guhuza New Star na Cape Town Tigers rwungurujwe inyuma yaho...

Urukino rwari guhuza New Star na Cape Town Tigers rwungurujwe inyuma yaho abakinyi ba New Star batoweko COVID-19.

Urukino rwari guhuza umurwi wa Basket Ball  wo mu Burundi New star hamwe na Cape Town Tigers yo muri Afrika y-epfo rwungururijwe ku yindi sanga itamenyekanye inyuma yaho bamwe mu bakinyi ba New Star batowe umugera wa Covid-19.May be an image of 7 people, people playing sports and indoor

Inyuma yo gusubira gukora ibipimo ,Mu bakinyi batanu ba New Star bari batowemwo uwo mugera, basanze babiri muribo atawe bafise. Abo ni Guibert Nijimbere na Malick Ngenzahayo. Ariko rero, mu bakinyi batandatu bari bakomeye, basanze hari umwe muri bo afise uwo mugera. Uwo nawe ni Gasana Kenneth.Umumenyereza Patrick Richard Ngwijuruvugo bamaze gukora ico gipimo cihuta basanze nawene yaranduye Covid-19.

Abakinyi ba New Star  batoweko umugera wa Covid-19 ni bane: Alvaro Calvo Masa, Kabura Rodrigue, Gasana Kenneth na Ishimwe Clovis.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments