Umushikiranganji wa mbere Alan-Guillaume Bunyoni asaba indongozi z-igihugu kubera akarorero abandi maze ntizitware nk-abafarisayo bari bashinze ivyagezwe ndetse bakanavyambara ku mitwe yabo muga bikanka ko babikurikiza. Alain-Guillaume Bunyoni yabivuze kuri uyu w-Imana igenekerezo rya 12 Kigarama 2021 igihe yari yaramutse yifadikanya n-abakiristo bo mw-ishengero ry-urutare i Bujumbura.
Umushikiranganji wa mbere yasavye kandi indongozi kwama zibuka amajambo y-ubuhanuzi Umuhisi Petero Nkurunziza yagiye asize abashikirije . Ati:«Sogo akiriho yaradushikirije ubuhanuzi buhambaye kandi benshi twarabwanditse. Mbega twarasubiriye kuraba bimwe twandika?»
Afatiye ku murongo uri muri Bibiliya wo muri Yeremiya 18:5-11, Bunyoni yaboneyeho gusaba abakristo n-abarundi muri rusangi kwisuzuma ngo barabe ko bari mu nzira y-Imana gutyo bavavanure n-ugukora ibidashimisha Imana. «Mbega ko twashize Imana imbere, uyu musi twokwisuzuma twosanga bimeze gute?» Niko Alain-Guillaume Bunyoni yabandanije avuga.
Ico gisabisho catunganijwe n-ishengero ry-urutare cari citabiriwe n-indongozi zitandukanye harimwo n-umukuru w-inama nshingamateka Daniel-Gelase Ndabirabe.
Recent Comments