UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Alain –Guillaume Bunyoni asaba abarundi kwisuzuma maze bakavavanura n-ugukora ibidashimisha Imana.

Umushikiranganji wa mbere Alan-Guillaume Bunyoni asaba indongozi z-igihugu kubera akarorero abandi maze ntizitware  nk-abafarisayo bari bashinze ivyagezwe ndetse bakanavyambara ku mitwe yabo muga bikanka ko babikurikiza. Alain-Guillaume Bunyoni yabivuze kuri uyu w-Imana  igenekerezo rya 12 Kigarama 2021 igihe yari yaramutse yifadikanya n-abakiristo bo mw-ishengero ry-urutare i Bujumbura.

Umushikiranganji wa mbere yasavye kandi indongozi kwama zibuka amajambo y-ubuhanuzi Umuhisi Petero Nkurunziza yagiye asize abashikirije . Ati:«Sogo akiriho yaradushikirije ubuhanuzi buhambaye kandi benshi twarabwanditse. Mbega twarasubiriye kuraba bimwe twandika?»

Afatiye ku murongo uri muri Bibiliya wo muri Yeremiya 18:5-11,  Bunyoni yaboneyeho gusaba abakristo n-abarundi muri rusangi kwisuzuma ngo barabe ko bari mu nzira y-Imana gutyo bavavanure n-ugukora ibidashimisha Imana. «Mbega ko twashize Imana imbere, uyu musi twokwisuzuma  twosanga bimeze gute?» Niko Alain-Guillaume Bunyoni yabandanije avuga.

Ico gisabisho catunganijwe n-ishengero ry-urutare cari citabiriwe n-indongozi zitandukanye harimwo n-umukuru w-inama nshingamateka Daniel-Gelase Ndabirabe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments