UBM News ads

Ikibuga c’indege kizoba cuguruye guhera itariki 08/11/2020

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mwitangazo reta y Uburundi yashize ahabona rivuga ko ikibuga c indege cari cugawe guhera mu kwezi kwa gatatu kigiye kwugururwa.

Ivyo bibaye inyuma yaho habaye umurwi ujejwe kurwanya ikiza ca Coronavirus wishikiye ku kibuga c indege kuraba uko vyifashe.

Inyuma yuwo mwihwezo, hafunditswe ko ikibuga c indege kigiye kwugururwa ku musi wa mungu itari 8 Myandagaro 2020.

Mwomenya ko ukuba igihugu c Uburundi cari kimaze imisi ikibuga c indege cugaye hari hamaze kwibonekeza ingaruka zitari zike zijanye n Ubutunzi bwigihuugu.

Abadandaza barangurira imirimo yabo hanze y Uburundi bakaba bakiranye umunezero iyo ngingo kuko bagiye gusubira kurangura imirimo yabo ukuri kwamye.

Ariko rero bikaba bizwi ko kukibuga c indege ca Bujumbura hafashwe ingingo zitari zike zo gukinga ikiza ca Coronavirus.

Mwomenya ko gushika ubu umunyamahanga aje mu Burundi ategerezwa kuriha amadolari 100 ashitse ku kibuga c indege ariko umurundi akariha amadolari 30(akayariha mu marundi) igihe ashitse ku kibuga c’indege i Bujumbura, aho ni mu gihe umurundi nawe ashatse gufata urugendo atanga amafaranga yamarundi ashika ku bihumbi 10.

Vyose bigakorwa mu ntumbero yo kwirinda ikwiragizwa no guhanahana umugera wa Coronavirus ku kibuga c indege.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments