Abanyamerika baratinya ko Trump avuga ko yatsinze hataragera

0

Ivyo bivugwa na Nancy Pelosi, umukuru w’Inama Nshingamateka wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho yabivugiye mu kimenyeshamakuru Huffington Post. Turiteguriye kubiza gushika vyose, bivugwa n’uyo mukuru w’abashingamateka Nancy Pelosi. Amatora y’umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika akaba yabaye kur’uyu wa gatatu ububakaba bari mugikorwa co guharura amajwi gishobora guhera kumuhingamo.

Prezida Donald Trump wewe avuga ko amatora ariko aravamwo ubusuma bivuye kuco bise vote par correspondance, bamwe bakavuga ko atazokwemera gusubiza ubutegetsi biciye mu mahoro. Abandi bati aguma ahamagarira abanywanyi biwe gutera umudugararo mukutemera ivyavuye mu matora. Ahandi naho ngwakaba ashaka kuvuga ko yatsinze abajejwe guharura bataraheza neza guharura.

Nancy Pelosi akavuga ko bariko barakorana n’abashingwamanza n’abahinga muvyerekeye ibwirizwashingiro. Nancy Pelosi akavuga ko Prezida Donald Trump atubaha ibwirizwashingiro ariko ko bafise abahinga benshi bashobora no kugenda ijoro muriki gihe c’amatora. Nancy Pelosi akavuga ko Prezida Donald Trump igihe yavuga ko atazokwemera ibivuye mu matora  yatumye baca bitegura kugira bazomwemeze ivyavuye mu matora biciye mu muco.