Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Prosper Dodiko aremeza ko ikibazo c’ifumbire kitoroshe gukemura mu gihugu mu gihe uyu mwaka ifumbire ikenewe izotwara imiliyoni 150 z’ama dolari y’Amerika kandi Leta ata kintu iriko ishora hanze kugira aboneke.
Kubwa prosper Dodiko,abarundi borema kuko ubutare bugiye gukemura iki kibazo,Leta ishize inguvu nyishi mu butare haboneke ifranga mvamakungu.

Mu nama nshingamateka ku musi w’ejo igenekerezo rya 25 ruheshi 2025,umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko ikibazo c’ifumbire kitoroshe gukemura kubera ikibazo c’ama dolari.
Uwo mu shikiranganji yishura ku makenga y’abashingamateka,yamenyesheje ko uyu mwaka ifumbire ikenewe gutangwa ari itoni ibihumbi 140.000 navyo bikaba bitwara amiliyoni 150 z’ama dolari y’Amerika.
Kubbwa Dodika ati:”none izo 150.000.000$ zova he?mbega Leta ishora hanze ibingana gute kugira ayo madorali aboneke?”.
Prosper Dodiko asaba abarundi ariko kwihangana kuko Leta iriko irashira inguvu nyishi mu Butare ibizoheza bigatuma iki kibazo gukemuka vuba kuko ama dorali azokwinjira mu kigega ca Leta ku bwinshi.





Recent Comments