Ikibazo c’ibinyobwa vya Brarudi kizohera ari uko Leta y’uburundi ironse ivyo ishora hanze hakaboneka ama dorari kuko Brarudi ikoresha ibikoresho biva hanze navyo bikeneye ama dorali kandi Leta ntayo ifise,ibi bishikirizwa Na Marie Chantal Nijimbere ajejwe ubushikiranganji bw’ubudandanji.
Kubwa Marie Chantal Nijimbere,Leta ishize inguvu mu bisata vy’ubutare,amabarabara,amahinguriro,ingenzi kugira hinjire ama dorali,niyaboneka niho iki kibazo kizokemuka.

Mu nama nshingamateka yo ku musi w’ejo igenekerezo rya 25 ruheshi 2025,umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere ajejwe ubudandaji yamenyesheje ko ibinyobwa vya Brarudi bikenye kandi bifitaniye isano n’ifranga mvamakungu.
Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko iri kena ry’ibinyobwa vya Brarudi rizohera ari uko leta ironse ivyo ishora hanze bikinjiza ama dorari.
Kuko Brarudi ikoresha ibikoresho vyinshi biva hanze bigakenera ama dorari kandi muri leta ntayahari nkuko vyemejwe na Marie Chantal Nijimbere.
Uwo mu shikiranganji abandanya yemeza ariko leta y’uburundi iriko irashira utwigoro twose mu bisata vy’ubutare,amabarabara,amahinguriro,ubudandaji,ingenzi kugira haboneke amafranga mvamakungu yinjira mu gihugu ibizoheza bigakemura ikibazo c’ifranga mvamakungu maze Brarudi nayo ironke ingene igura ibikoresho hanze.
Mu gihe ibi bitaraboneka nta nkeka ikibazo c’ibinyobwa vya Brarudi kirabandanya.





Recent Comments