Vuba cane atagikozwe uburundi buratembagaye,harageze ko uburundi butabarwa amakungu ataratangaza ko uburundi bugiye akagirire nkuko vyemezwa n’umuhinga muvyo ubutunzi André Nikwigize.
Kubwa André Nikwigize,Naho igihugu gitembagaye Leta ntiyigeze yumva impanuro ihabwa n’abahinga muvyo ubutunzi badasiba gusemerera.

Umuhinga muvyo ubutunzi André Nikwigize aragabisha ko atagikozwe cihuta uburundi butembagaye akagirire.
Uwo muhinga agashikiriza ko igihugu casinzikaye cane cane kuri iyi mandat y’imyaka 5 prezida Ndayishimiye amaze atwara uburundi.
Bimwe muvyatumye igihugu kigira ibibazo;
Umwimbu w’abarimyi waragabanutse kubera leta yase guha umwavu abnegihugu ku gihe,imbuto zirobanuye canke ngo ibashigikire mu bisata bitandukanye vy’uburimyi.
Ibi vyatumye umwimbu ugabanuka gushika ku bice 40%
Nayo igice kinini c,abarundi bari mu bukene bizutage inzara;ibice 75% vy’abarundi barakenye cane.hafi abantu bangana imiliyoni 6(igice c’abarundi bose)bari mu bukene butagira izina.
Abana bangana 6/10 bafise ibibazo vyo gukura neza kubera kubura imfungurwa zihagije nkuko bitangazwa n’amashirahamwe mpuzamakungu n’abaginga batandukanye.
Kubera gusahura ubutunzi bw’igihugu hama ababikoze ntibahanwe;uburundi bubuze amabarabara,amazi,umuyagankuba,ubutare buragurishwa,ama toni y’amakawa aragurishwa ariko amafranga ntaboneke.
Kubwa André Nikwigize,uburundi harageze ko butabarwa amakungu ataratangaza ko igihugu kigiye akagirire kandi ikibabaje nkuko André Nikwigize abivuga nuko Leta itigeze na rimwe yumva impanuro ihabwa n’abahinga mu vyo ubutunzi bama basemerera uko bukeye uko bwije.





Recent Comments