Umukuru w’inama nshingamateka asaba ko imbwa zose zicwa kuko ntivyumvikana ingene imbwa itaribwa ntivome hama abarundi bakazitunga,n’inyuma yaho mu cankuzo abantu 19 bariwe n’imbwa zisara maze hakabura imiti yo kubavura.
Gelase ati:”imbwa ntimuzirya,ntizivoma muzitungira iki?zose muzice zose,muzihwate muruhuke”.

Mu nama nshingmateka ku musi w’ejo igenekerezo rya 26 ruheshi 2025,abashingamateka barerekanye amakenga bafise ku mbwa zisigaye zirya abantu maze imiti nayo ikaba yarabuze.
Bariko barabaza umushikiranganji w’amagara y’abantu Lydwine Baradahana,umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe yabishuye ko ico kibazo kidasaba ko umushikiranganji arinda gufata ingingo ahubwo izo mbwa zikwiye kwicwa zose zikavaho kuko n’ubundi ntaco zimaze.
N’inyuma yaho bigaragariye ko imbwa zisara zimaze kurya abashika 19 mu ntara ya cankuzo muri uku kwa gatanu.
Gelase Ndabirabe yamenyesheje ko imbwa zose zicwa ati:” imbwa ntivoma,ntiribwa,hama ngo ziriko zirabarya?muzice zose muzihwate hama muruhuke”.





Recent Comments