UBM News ads

Igitutu ca NKURUNZIZA mu ntwaro ya NDAYISHIMIYE

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Wa wundi ngo kwiba ingoma ntibigoye ariko aho uyivugiriza, mu gihe ca 2019 niho Hari ikoraniro kaminuza rya CNDD-FDD aho umukuru w’igihugu wico gihe yavuze yashaka ko hoza uwo yiyumvamwo akaba ariwe amusubirira,uwo nawe Yari umukuru w’inama nshingamateka wico gihe, Nyabenda Pascal.

Mu mugambwe CNDD-FDD Bose si bamwe Hari Abo bita abarurwanye nabo bita ba cinjire. CNDD FDD utagiye kurugamba uba ufise ijambo rito cane. Abo cavunye guhabuza igihugu,barica bagakiza. N’uko Nkurunziza abonye ko muri 2015yahatswe yahavuye yemera guheba muri 2018 intebe y’ubukuru bw’igihugu.Mugabo Ku makenga yarafise aca ahinyanyura ibiri inyuma y’ibwirizwa shingiro ashiraho igisata c’imboneza yamaho.

Aho nyene yarahejeje kugira uruhara runini niwe yofashe ingingo zikomeye nk’uko muri za Irani bimeze. Nkurunziza yobaye Ayatollah w’uburundi. Ariko kubwiwe birazwi ko yashaka Nyabenda nk’uwutarurwanye kandi yamworohera. Babagabo barurwana barafata Ku munsi wogutora uwuzoserukira CNDD-FDD mu matora,bafata sasita y’ijoro Nkurunziza bamuhinduza Ku nguvu ko bashaka umusirikare.

Ico batamenye Neva mu gwenge gwinshi we Yari yinumiye,bivugwa ko utokwitoza kuba umukuru w’igihugu uvuye mu gisirikare canke inzego zijejwe umutekano utarakwiza umwaka, Nkurunziza abonye bakaze yabajije uwo bipfuza anabibutsa amategeko ico avuga,basanze uwubikwije ari Neva gusa.

Ngw’aho amatora arabaye ,Neva arayatsinze naho habayemwo kwibigwa. Neva Yari yamaze kubona ko igitutu ca NKURUNZIZA kitazomworohereza. Igitangaje rero hose, uko CNDD-FDD ubigenza ni igitangaza barashoboye kwikurako igitutu ca NKURUNZIZA muryo buboneka, Neva ararahira Nkurunziza nawe ari mukuzimu.

Ngo ntawubura abayoboke, Neva yaje nka samuragwa akavyemera akavyemanga,ariko ageze kubutegetsi Neva yarihakanye ivya samuragwa.kubwiwe ngo ntiyobazwa amabi leta za Nkurunziza zakoze,ibibi vyose .

Kubikora ntiyabikoze mu mvugo gusa ,yaje nk’umuroberi Ku mugambwe wiwe CNDD-FDD bumva ko Nkurunziza ari Alfa na Omega. Neva yaje asambura bwabugwi bwose bwa Nkurunziza. Aho rero yarakoze ahaturira benshi batunze baratunganirwa. Neva uwonyene yahora aronka intica ntikize yashize imbere mukenyezi wiwe. Uwo nawe ntiyamushize aho gusa yamuhaye amabanga akomeye ahubwo abangabanganwa n’umushikiranganji wa mbere.

Neva akoze kuri ya nyubako ya Nkurunziza akananigwa,yabonye ko umutware mukuru wabo ari Bunyoni. Uwo yiyumviririye kumwikiza,aziko vyose abishoboye ntiyamenye ko Bunyoni ni umwe muri benshi bari mw’iragi rya Nkurunziza. Neva rero amaze kuba gati ka waga, igihugu agishira mu mayira abiri.

Igihe yaja gutwara,yasiga mukiwe ariko yiba Igihugu aha nihamwe yavuga ngo bavuga ko atazohatambikiza hose atawumusigaranira. Neva wumva rero amaze kubona ko Nkurunziza naho yapfuye afise inguvu ubu ashima kugenda yerekana ko intwaro yiwe ariyo nziza

Ukuri kubatari bake babona ko Neva atangabire n’umugisha wogutwara afise,bati asaba abandi gutanga imihoho habuze iki atange akarorero. Neva amaze imyaka 6 arwana n’igitutu ca NKURUNZIZA n’ubu yaraye avuze ko n’ikirimba yagisanze atakigenda ariko aravuga ko ubu utumira abantu ukumva uryohewe no kubakira ko yahakoze neza.

Neva nyene aremanga ko igihugu yasanze carononekaye kuri Nkurunziza ko ataburongozi cari gifise,cari icabasahuzi gusa, wumvirije wogira we yaje kw’izina rindi canke umwambaro wundi atari uwa CNDD-FDD.

N’imbere yuko Neva aba umukuru w’igihugu we n’umutambukanyi wiwe baravuzwe mubunyonyezi Ku kibuga c’Indege NDANDAYE Melchior. Niho havuye inzu afise mu kajaga be n’inzu umugambwe umupangiye iri igitega imbere y’ikirimba c’umukuru w’igihugu.

Inyinyurana ry’abo mwiragi na bene samuragwa rishikanye igihugu ahatemba kirarwa mu manga atawubogora, ehe nawe raba Neva yaje ibitoro bihari bigurwa 2750 kikaboneka,umwimbu uhari abantu barya bagahaga,ariko ubu ntabiyunguruza,nta mwimvu abantu bakiri bato bahereye mu mahanga kubera atakazoza.
Wa musambi ngo ndi mwiza ndimwiza igikere ngo agatima ariko , ubwo ubwiza Neva yibonako nibwo abantu bamuziko ?

Buca haba kumwemeza ariko abarundi bavuga ko ariko kaga ka mbere bazogira Kumva ko amagorwa babayemwo agiye kubandanya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments