Intwaro ya NDAYISHIMIYE Evariste Yama ihindura bivanye n’ibihe. Ejo Hari icivugo c’imbonakazoza y’igihugu ubu Hari imbonakazoza ya NDAYISHIMIYE Evariste nk’umukuru w’igihugu. Abarundi bararambirwa n’amajambo atagira ibikorwa

Umukuru w’igihugu muco yashizeho ciswe national breakfast prayer abarundi bagiye bararahura mu bihugu bindi ,aho bakoranya abantu batandukanye haba muri politike, amadini , n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, yaragerageje kwerekana inyota y’ikiringo ca kabiri mbere inyuma yaho mu guserura ivyiyumviro bitavuzwe yatanze ikiganiro ku binyamakuru cigenga gihutumburwa na benshi.
Muri vyose NDAYISHIMIYE Evariste inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya Niyongabo Prime umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare,ubu naho hageze ko yerekana ko uwo yasubiriye ataco yakoze ariwe Nkurunziza,mu gihe yasanze naho yataha Hari hacafuye atohakiriye umuntu mugabo kuva ahagiye ubu hatamirana, mu kwerekana ko abarundi Bose batunze , NDAYISHIMIYE ntahengeshanya kwerekana uko yasanze igihugu kitagira iyo kiva niyo kija.
NDAYISHIMIYE aremeza ko yasanze igihugu kitagira iyo kija niyo kiva ,ahasanga ubutegetsi bujegajega, leta yishinga kurya isesagura ivyigihugu atamusaruro,ibikorwa vya leta vyikwega ariko Ku ntwaro yiwe ibi vyose bibi yasanze ho avuga ko ubutegetsi nyabwo kandi bwiza bwubatswe, ibikorwa vya leta vyitaweho, amahera yinjira mu kigega ca Leta ararwira nta basuma bagihari,ibikorwa birihuta ubu kandi nivyo bishinze gukora biranyaruka
Muri kazoza Hari igihugu cifashe muri 2040, leta nziza inyarutsa gusumba ibikorwa, ubutunzi buziyongera, hose muri vyose bizoboneka.
Vyose ntagitangaje ko bikorwa Ku mvo zizwi aho ariko yivuga,ariko abarundi nabo bagerageza kumwereka ko kuva aza bahinga ico yoshimirwa bakakibura ko kuva umuzo wiwe uza ,ibiciro vyaraduze,vyankenerwa vyarabuze, ubuzima burazimba kurusha ubushomeri burarwira abarundi barata baromoka mu cabavyaye.
Bamwe bati ni umushoferi atazi iyo ajana ingendeshwa yahawe ngo atwara. Ukuri ni kumwe nuko NDAYISHIMIYE intwaro yiwe arayishimagiza aho abandi bayinegura ariko itorwa ryiwe ngo azitoze ubugira kandi ni nk’ivutu Ku batari bake





Recent Comments