Mbayahaga asanzwe azwi nk’umupasotori ahandi umunyepolitike avuga rumwe na CNDD-FDD. Muri 2020,yumvikanye ariko ararira inyuma yogutangazwa ko Nkurunziza yasandavye,mu Kiganiro yanshikiriye kuri radiyo bbc.

NDAYISHIMIYE igihe aje kubutegetsi yamarira yayihangaguye anyarukije nk’uko atacari cabaye ahubwo mbere n’uwo Nkurunziza avugwa iwe avyita kahise kandi nivyo Koko ni kahise.
Mbayahaga kuva kera mubuto bwiwe yamye ari umuntu Azi kwiyegereza abakuru ni nka Jacques muri FNL nyakuri. Nk’umuntu muto imyaka yogushuha haranageze aho avayarana n’umukobwa w’umunyamulenge mbere ubu umwana wabo aza aheruka gushingirwa. Ariko ahanini aho siho Hari ingorane, Mbayahaga mukwegera ubutegetsi bwa NDAYISHIMIYE yarasanzwe acuditse na Bunyoni.
Mbayahaga ari muri bake bahangaye Bunyoni kandi yari incuti yiwe igihe yarahejeje gukugwako amaboko na benewabo. Uwatumwe gutangaza iyo Nkuru yabaye Mbayahaga aho mw’ishengero ryakinje yise Bunyoni ko ari igifyoti.
Aho hose yabikora mu gihe yashaka gushimisha Neva ngo bikunde amwegere nawe amuhe amabanga. Mbayahaga kahise ka mashule yiwe si ikirenga ahabwa n’ukwiyegereza abakuru.Mbayahaga rero yarahawe gutwara ahatari hake,ariko ubu ahahangayikishije igihugu ni muri Onatour.
Iryo shirahamwe ryari ryiyemeje kuzana umusaruro w’imiliyaridi zitatu ariko ubu ari Ku miliyoni alajana ane gusa . Ariko twibutse ko kuva kera yamye yagirizwa kugira agatoke karekare,none habuze iki bahe ababishoboye canke bahane abahomvya leta?
Mu gikorane buca kiza ni Mbayahaga azoja imbere yigisha abandi harimwo abategetsi gihinduka ariko nawe vyaramunaniye,uko biri CNDD-FDD umwe wese yiba aho ageze n’uyu yagiye mu mwambaro wa pasitori ariko ari umusuma akomeye





Recent Comments