UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Igitoro ca essence casubiye kubura mu gisagara ca Bujumbura.

Ku ma sitasiyo atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura hasubiye kwibonekeza ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa “essence”. Aho kigize naho ngo kirabonetse, hakaba imirongo miremire.

Abakoresha imiduga yunguruza abantu bavuga ko bakora bahomba kubera ko bashobora kumara imisi irenga ibiri bagitondeye aho bacumvise. Mbere rimwe na rimwe bakagenda uko baje bagiye gutonda ahandi bacumvise.

Bamwe mu bakorera ku ma sitasiyo atari make bamenyesha ko mw’iyi misi bariko baronka igitoro gike cane ibituma abacipfuza bose batakironka maze bikabateranya n’ababa bagikenye. Bose bakaba basaba abajejwe ico kibazo kugitorera umuti vuba bwango kuko gituma imirimo myishi ihungabana mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments