Integuro y’ibwirizwa rishinga imbibe nshasha z’intara,amakomine, amazon, imitumba canke amakaritiye yaraye yemejwe kuri uyu wa kane ijana kw’ijana n’inama nshingamateka y’uburundi . Aho abashingamateka 117 bemeje iyo nteguro harimwo 8 bari batumye.
Kubw’iyo integuro, Intara 18 maze zija kuri 5 gusa. Nayo amakomine ava kuri 119 aja kuri 42 gusa, Amazone n’imitumba navyo bikaba vyarongerejwe aho kugabanywa. Izo ntara nshasha akaba ari Bujumbura ,ikazofatanya igisagara ca Bujumbura, intara ya Bubanza hamwe n’intara ya Cibitoke. Intara ya Buhumuza ikaba izoba igizwe n’intara za Cankuzo, Muyinga na Ruyigi. Intara ya Burunga ikaba igizwe n’intara za Bururi, Makamba, Rumonge na Rutana. Intara ya Butanyerera ikaba igizwe n’intara za Kirundo, Kayanza na Ngozi. Nayo intara ya Gitega ikaba izoba igizwe n’intara za Gitega, Karusi , Muramvya na Mwaro.
Iyo nteguro nshasha y’imbibe nshasha zigize uburundi ikazoja mu ngiro mu mwaka w’2025