Igitero mu Cibitoki bivugwa ko cahitanye abasirikare bane.

0

Amakuru ashikirizwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru SOS Media Burundi amenysha ko habaye igitero mu Ntara ya Cibitoki mw’ijoro ryakeye kuri uyu musi wa gatandatu ku wa 20 Gitugutu 2018 cakozwe n’abitwakje ibigwanisho baje bava mu gihugu ca Congo bajabukanye Rusizi.

Ico gitero kikaba cahuje abo bitwaje ibirwanisho n’abasirikare bari kuri pozisiyo y’igisoda y’ivuriro riri ku mutumba wa Nyamitanga, Zone Ndava muri iyo ntara ya Cibitoki, nk’uko amatohoza yakozwe na SOS Media Burundi abivuga.

https://twitter.com/DiCo_Media/status/1053558364259663877

Bikaba bivugwa ko humvikanye ibikoho bikomakomeye cane ivyatumye abanyagihugu baho mwako karere bagira ubwoba cane, eka ntibanasinzire.

Mu vyahononekriye canke abahasize ubuzima ni’abasirikare bane boba bishwe mw’ico gitero,batandatu barakomereka, amahema ane abamwo abasirikare araturirwa hamwe n’umusigiti wasambaguwe ibice bimwe bimwe’.

Intara ya Cibitoki ikaba isanzwe yiziziwe n’ibitero bikorwa n’bitwaje ibigwanisho bava mu gihugu kibanyi n’Uburundi arico Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Mwokwibuka igitero giheruka guhitana Abarundi bashika ku 26 bishwe n’umurwi waje witwaje ibirwanisho muri Zone Ruhagarika mu ntara ya Cibitoki.