Umugambwe SAHWANYA FRODEBU wavuye muri CNARED.

0

Sahwanya Frodebu, umwe mu migambwe yari ihurikiye mu runani rw’abatavuga rumwe na Leta y’Uburundi CNARED, wafashe ingingo y gusezerera urwo runani rwabatavuga rumwe na leta kugira bishoboke ko witunganya neza imbere y’amatora ya 2020.

Uwo mugambwe ukaba umenyesha ko wafashe ingingo zitari zike ziza zorohereza uwo mugambwe n’abanywanyi bawo kugira ngo habe ‘ukwiyunga nyakwo‘ imbere y’amatora ya 2020.

Ivyo bikaba ari nk’icago ku runani CNARED rusanzwe rurangwamwo ico twovuga ‘akajagari’ kubera ukutabona ibintu kumwe kw’abarugize.

Hari nabiyumvira ko uwo mugambwe SAHWANYA Frodebu woba ugomba kuraba ko mu mwaka wa 2020 woshobora kwinjira mu nzego za leta y’Uburundi.