Mu rwandiko rwashizwe ahabona kuwa 30 Ruheshi uy-umwaka w-2021 n-uwurongoye igisirikare kirwanira mu mazi , aburira bagenziwe barongoye amakambi ko borikanura kuko umwansi atari kure .
Kubwa General de Brigade Venant Bibonimana ari mubarongoye ico gisirikare kirwanira mu mazi ndetse ari nawe yateye umukono k- urwo rwandiko avuga ko muri rusangi umutekano wifashe neza mu gihugu cose ariko kandi nkuko tubisoma mw-urwo rwandiko, imirwi yitwaje ibirwanisho y-umuhari RED-TABARA hamwe na FNL ya Aloys Nzabampema yoba ifise intumbero yo kwinjira iciye ku mbibe zo mu buraruko hamwe nizo mu burengero bw-igihugu kugira idurumbanye umutekano mu gihugu.
Uwo mutegetsi mu gisirikare arongera akavuga ko ku mabarabara amwamwe yo hagati mu gihugu hamaze imisi hibonekeza ubwicanyi bukorwa n-abantu batarashobora kumenyekana. Niko rero guhamagarira inzego z-umutekano no kwivuna abansi kutuza abakora ubwo bwicanyi .
Muri kino gihe uburundi buriko buhimbaza isabukuru y-imyaka 59 ihaciye bwikukiye, Gen. de Brigade Venant Bibonimana amenyesha ko hari ingingo zikwiye gufatwa mu ntumbero yo gusimbataza umutekano . Aha uwo mutegetsi mu gisirikare kirwanira mu mazi aravuga nk-ingingo ijanye no gushing ibirindiro mu bice biboneka ko umutekano woba ubangamiwe kuruta ahandi, gusimbataza inyabune ni ukuvuga abajejwe umutekano,abajejwe intwaro, abajejwe ubutungane hamwe n-abanyagihugu bagakora mu bikorwa vyo gukizura , no gusaka imiduga yose irengana ica ku mabarabara hamwe rero no gucungera bikwiye mu biyaga.





Recent Comments