UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igisirikare c’uburundi kirabeshuza amakuru yashikirijwe n’ikinyamakuru co mu Rwanda yagiriza ingabo z’uburundi gukorana n’imirwi irwanya Leta ya Congo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igisirikare c’uburundi kirabeshuza amakuru yagiriza ingabo zaco, zarungitswe mu bikorwa vya EAC vyo kugarukana amahoro mu buseruko bw’igihugu ca Congo, gukorana n’imirwi irwanya Leta y’ico gihugu. Ayo makuru akaba ngo yatanzwe na kimwe mu kinyamakuru gikorera mu gihugu c’urwanda.

Umuvugizi w’igisirikare c’uburundi yabeshuje ayo makuru kuri uyu wa gatandatu mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru. Floribert Biyereke yamenyesheje ko afatira ku makuru aheruka gutangirwa mu kiganiro “Ishusho y’icyumweru” ku kinyamkuru co mu Rwanda hari kuwa 14 Rusama 2023.

Uwo avugira urwo rwego rwo kwivuna abansi afata ivyo vyatangajwe n’ikinyamakuru co mu Rwanda nk’”igitutsi ku ngabo z’uburundi”. Kubwiwe, inteko barungitse muri Congo zirangura imirimo zatumwe zisunze intumbero y’umugambi wo kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Tubamenyeshe ko mw’ico kiganiro caciye ku kinyamakuru c’urwanda, Ingabo z’uburundi zagirijwe gukorana n’imihari icuditse hamwe n’ubutegetsi bwa Congo mukurwanya umuhari M23. Mw’iyo mihari hakaba havuzwemwo umuhari FDRL wagirizwa gukora ihonyabwoko ry’abatutsi mu gihugu c’urwanda mu mwaka w’1994.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments