UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 13, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

BRB igabisha amazu yose yo kuvunja atazodandaza ibihumbi 80 vy’amadorare ku kwezi ko agiye guca yugarwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibanki nkuru y’igihugu BRB igabisha amazu yose adandaza amafaranga y’agaciro adakurikije amategeko ko ibihano bigeye kurwizwa incuro 10. Dieudonné Murengerantwari arongoye ibanki nkuru y’igihugu akaba yabitangaje kuri uyu wa kabiri mu nama yabahuje n’abo bakora ako kazi ko kuvunja amafaranga y’agaciro. Yamenyesheje ko inzu itashoboye kudandaza amadorare angana n’ibihumbi 80 ku kwezi , izoca yugarwa.

“..ibihano bigeye kurwizwa n’incuro cumi. Aho mwahora mucibwa amande y’ibihumbi amajana atanu, muzocibwa imiriyoni 5. Aho wacibwa umumiriyoni, uzocibwa imiriyoni 10, gutyo uwumva ko aje gukora muri uno mwuga awushoboye awukore, uwutawushoboye aje gukora ibindi ” Niko uwurongoye BRB yavuze.

Murengerantwari yarongeyeko ati :”…Inzu yo kuvunja amafaranga y’agaciro itazerekana ko yadandaje ibihumbi 80 vy’amadorare ku kwezi , yose irafutwa. Uwubona ko atabishoboye abe aravamwo kare”

Bamwe n’abandi bize ivy’ubutunzi babona ko ibanki BRB atariyo yonyene yarikwiriye gutorera umuti ikibazo c’ikena ry’amafaranga y’agaciro mu gihugu. Kubwabo, ngo kubona Uwurongoye Ibanki nkuru amenyesha ko amazu avunja amafaranga y’agaciro ategerezwa gukoresha amafaranga angana ibihumbi 80 vy’amadorare n’imiburiburi ku kwezi, ngo sivyiza kuko ibanki itegerezwa gukurikirana amafaranga iba yabahaye kugira bakore bunguka . Bagahamagarira Leta nyabuna gutorera ico kibazo c’ikena ry’amafaranga y’agaciro biciye muvyo kurondera ivyo gushorera hanze vyinshi hamwe no gukomeza igisata c’abamukerarugendo mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments