Mu kiringo kidashika amezi atatu gusa, Abantu bamazekwicwa mu ntara ya Bururi bashika 40, benshi muri abo baratemagurwa hakoreshejwe imipanga. Komine ya Bururi ikaba ariyo iza mbere mu biharuro vy’abicwa hakoreshejwe imipanga mu gihe co mu masaha y’ijoro.
Uwanyuma yishwe ni umukenyezi yatemaguwe ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu ku mutumba Kiremba, muri komine Bururi. Akaba yategerewe atashe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro.Uyundi munyagihugu yari yatemaguwe ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri bakaba bamusanze mu nzu babanje kubomora idirisha. Abo bishwe mu bwo buryo bakaba baje kwiyongera ku bandi benshi bamaze kwicwa batemagujwe imipanga aho nyene muri komine Bururi hamwe no muyandi makomine nka Songa, Mugamba, Matana na Rutovu.
Amasoko ava mw’iyo ntara, avuga ko hamaze kwicwa abantu 40 mu kiringo kidashika amezi atatu gusa. Bamwe mu bakora ubwo bwicanyi hamwe n’abatemaguye uyo mukenyezi w’I Kiremba barafashwe ubu bakaba bariko barakorwako amatohoza kugira hamenyekane abagize uwo murwi hamwe n’abawurongoye.