Muramvya: Abanywanyi b-umugambwe CNL bariko bahagarikwa inyuma y-igitero co mu Rutegama

0

 Inyuma y-umutego w-abitwaje ibirwanisho wabaye mw-ijoro ryo kuwa gatandatu  muri komine Rutegama mu ntara ya Muramvya  ugahitana abantu 18 hamwe n-abakomeretse benshi , haciye havyuka hafatwa abanywanyi b-umugambwe CNL, umwe mu migambwe ikomeye itavuga rumwe n-ubutegetsi bwa CNDD-FDD.Kiganda (Muramvya) : une femme leader du CNL violée puis tuée - SOS Médias  Burundi

Nk-uko bivurwa n-abanyagihugu bo mu Rutegama, bamenyesha ko abamaze gufatwa n-abo ku mitumba itandukanye igize komine Rutegama. Nka bose ngo  n-abo mu mugambwe CNL ikindi ngo  bakurwa mu mihana yabo mu masaha yo mw-ijoro. Abari inyuma y-iryo hagarikwa akaba ari abapolisi hamwe n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD ari narwo rwaza rurereka abo bapolisi imihana y-abatavuga rumwe boza batomberako guhagarika.

Incuti, ababanyi n-umuryango wa politike bavamwo CNL bababazwa n-ukwo iryo fatwa ritubahiriza amategeko hamwe n- agateka ka zina muntu kuko  abapolisi n-imbonerakure  ata mutahe baza bafise ndetse ntibanamenyeshwe igituma bafashwe.  Bobo bakibaza ko iryo hagarikwa ryoba rifitaniye isano n-igitero cabereye ku musozi Munanira uri muri komine Rutegama, mu ntara ya Muramvya hakaba hari mw-ijoro ryo kuwa gatandatu w-indwi twasozeye.Abamaze guhagarikwa bakaba  bababa 10 . ubu bakaba bafungiwe mu gasho ka k-igipolisi k-urwego rw-intara I Muramvya.