Igisagara ca Bujumbura kirangwamwo ubukene bw’igitoro ca esanse

0

Inyuma y’indwi hafi imwe iheze hibonekeje ubukene bw’igitoro ca Esanse mu gisagara ca Bujumbura n’ubu ingorane y’ikena y’ico gitoro iracibonekeza,ivyo bituma bimwe mu bikorwa murico gisagara bigenda nabi kuko abiyunguruza bitaborohera kuronka uko bashika ku mirimo.

Abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura ntibatahura igituma hibonekeza iryo kena ry’ico gitoro mu gihe ibitoro vy’amazutu vyovyo biboneka.

Igitoro runaka kibuze, zimwe mu modoka zikoresha ico gitoro ntizisubire gukora uruja n’uruza bituma ibikorwa vyinshi vyo mu gisagara bisubira inyuma kuko abakozi bashika ku mirimo batevye kubera kubura uko biyunguruza,amashure ntaba agikora neza eka n’ibidandazwa birashobora kuduga igiciro kuko ababishikana aho bidandarizwa bavuga ko babishikana batanze amafaranga menshi yo kwiyunguruza.

Amakuru ava mu buyobozi bukuru bw’igitoro bukukira ubushikiranganji bw’ubutarehamwe n’amasoko ntanguvu amenyeshako ikena ry’ico gitoro ca essence catumwe n’amakosa mato mato atafashe.

Ariko naho mu buyobozi bw’igitoro bavuga uko,mwomenya ko hagati y’umwaka uheze wa 2017 ubukene bw’igitoro hafi c’ubwoko bwose bwaribonekeje, ubu abantu bakaba bibaza ko iyo ngorane y’ico gihe ariyo igombe isubire.