Icuka si ciza mw’ishengero rya pentekote misiyoni Kayogoro ,komine Mabanda mu ntara ya Makamba. Pasiteri Zacharie Mirwire aheruka kwirukanwa mu burongozi bw’iyo misiyoni yaramazemwo imyaka irenga 30 aratabaza ko ubuzima bwiwe bubangamiwe bivuye ku mwungere wa mbere Esron Nizigama arongoye iyo misiyoni ya Kayogoro. Ni inyuma yaho Pasiteri Mirwire ashiriye ahabona ubusuma bukorwa mw’ishengero n’uwo mwungere wa mbere Esron Nizigama. Hakaba haciye haduka icuka kibi mw’iryo shengero aho bamwe mu ba pasiteri birukanywe.
Mu rwandiko yandikiye buramatari w’intara ya Makamba kuri uyu wa gatatu Ntwarante 2023, Pasiteri Mirwire Zacharie avuga ko ubuzima bwiwe buri mu kaga bivuye ku mwungere wa mbere w’iryo shengero ariwe Esron Nizigama. Urwo rwandiko rwo gutabaza rwandikiwe buramatari w’intara ya Makamba rukanamenyeshwa umukuru w’igihugu , abashingamateka n’abakenguzamateka batowe mu ntara ya Makamba, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu , Reveriyano Ndikuriyo, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’abungere ba mbere muri misiyoni za pentekote mu Burundi.
Uwo mu pasiteri agasigura agatotezo ariko aragirirwa kuva yirukanywe haraciye imyaka itatu mu bwungere bw’iyo misiyoni hamwe n’umupfasoni wiwe. Pasiteri Zacharie Mirwire akavuga ko ivyo vyose ariko arakorerwa ari ukubera yubahutse kuvugira ahabona ivyo abandi batinya mu gushira ahabona amabi akorerwa abakozi b’Imana batandukanye hamwe n’abayoboke b’iryo shengero.
Pasiteri Mirwire Zacharie akavuga muri urwo rwandiko amabi ariko arakorerwa mu gihe amaze imyaka irenga 30 ari umwungere muri iryo shengero. Agashira ahabona amabi agera kuri 12 ariko akorerwa ubwiwe na Esron Nizigama, muri ayo harimwo isakwa ry’agasakisaki n’igipolisi bivuye kuri ayo matati , gufungirwa ic’amaso mu rugo rwiwe kubera ata muntu numwe arekuriwe kumugendera , uwirahiye nawe ngo aragiye kumuraba aca yirukanwa mw’ishengero .