Igipolisi c-uburundi cerekanye umuntu kivuga ko yabeshe umukuru w-igihugu.

0

Umugabo yitwa Minani  Martin Jacques Souleyman avuka mu ntara ya Muyinga, ubu asanzwe muri zone ya Bwiza mu gisagara ca Bujumbura yerekanywe kuri uyu wa gatanu n-igipolisi nk-uwarungikiye umukuru w-igihugu c-uburundi ubutumwa bw-ikinyoma.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw-umutekano amenyesha ko umugore w-umupolisikazi yitwa Divine yashaka kwahukana n-umugabo wiwe. Maze niko guha akazi Minani ko kwandikira umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye amubwirako yibwe amahera agera ku 1.500.000 FBU n-umukozi w-iperereza yitwa Boase asanzwe ari umugabo wa Divine, maze ngo yafashanije n-umunyagihugu akomoka mu gihugu ca Tanzaniya.

Igipolisi kimenyesha ko mu matohoza yaco casanze uwo mugabo w-uwo mupolisikazi  yimirije kuvana nawe akaba yariko agirirwa irementanya  kugira inzu yiwe iri mu gisagara ca Bujumbura igurishwe nawe ari mu gasho. N-uwundi muntu yitwa Kelly nawe nyene yagize uruhara muri ukwo kuremeka inkono ishushe uwo mukozi w-iperereza  hamwe n-uwo mugore nabonyene bari mu minwe y-igipolisi. Petero Nkurikiye  akarangiza atanga impanuro ko atawokwirahira ngo abeshe umukuru w-igihugu  kuko ari icaha gihanwa n-amategeko.