UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Amasendika y-abigisha ariyamiriza ingingo yo kubakoresha ibibazo kugira hasuzumwe ubumenyi bafise.

Amasendika icenda y-abigisha ariyamiriza ingingo y-umushikiranganji w-indero aheruka gufata yo gukoresha ikibazo abigisha mu ntumbero yo gusuzuma ubumenyi bafise.  Ni inyuma yaho umushikiranganji w-indero François HAVYARIMANA amenyeshereje ko ibiriko bituma ubumenyi mu mashure y-uburundi busubira inyuma biva ku bigisha kuko harabadafise ubumenyi bukwiye.Conapes - Twitter Search / Twitter

Mu rwandiko ruheruka gushirwa  ahabona n-abarongoye ayo masendika, basigura ko ingorane zihanze igisata c-indero mu Burundi ntabwo zituruka na gato ku mwigisha. Ahubwo ko iyo ngingo yo gukoresha ibibazo abigisha bari ku mirimo ihonyanga amategeko . Bagatanga akarorero ku mategeko agenga abakozi n-akazi  ba Leta mu ngingo ya 6, 71 hamwe na 72.

Ayo masendika akabona ko iyo ngingo ije nyabuna ku basamaza  mu gihe ibibazo nyamukuru bijanye no kunganisha imishahara  vyadindiye. Barongera bakamenyesha ko muri iyi misi ibiciro ku masoko vyaduze cane ku rugero ruteye ubwoba aho ibidandazwa vyankenerwa  nk-umuceri, ibiharage n-ifu vyaduze gushika ku bice 50%.

Mu kurangiza, Ayo masendika asaba Leta ko uwo mugambi wayo  wo gusubira gutanga ibibazo ku bigisha bari ku mirimo wohagarara maze ubushikiranganji bw-indero bukabanza kwugurura imiryango kugira ico kibazo giharirweko n-abo cega.

Ayo masendika yateyeko umukono k-urwo rwandiko  ni  SLEB, STEB, CONAPES, SYNAPEB, SIPESBU, SYNATEM, SYGEPBU, SYPEB hamwe na SYNAEB.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments