Amasendika icenda y-abigisha ariyamiriza ingingo y-umushikiranganji w-indero aheruka gufata yo gukoresha ikibazo abigisha mu ntumbero yo gusuzuma ubumenyi bafise. Ni inyuma yaho umushikiranganji w-indero François HAVYARIMANA amenyeshereje ko ibiriko bituma ubumenyi mu mashure y-uburundi busubira inyuma biva ku bigisha kuko harabadafise ubumenyi bukwiye.
Mu rwandiko ruheruka gushirwa ahabona n-abarongoye ayo masendika, basigura ko ingorane zihanze igisata c-indero mu Burundi ntabwo zituruka na gato ku mwigisha. Ahubwo ko iyo ngingo yo gukoresha ibibazo abigisha bari ku mirimo ihonyanga amategeko . Bagatanga akarorero ku mategeko agenga abakozi n-akazi ba Leta mu ngingo ya 6, 71 hamwe na 72.
Ayo masendika akabona ko iyo ngingo ije nyabuna ku basamaza mu gihe ibibazo nyamukuru bijanye no kunganisha imishahara vyadindiye. Barongera bakamenyesha ko muri iyi misi ibiciro ku masoko vyaduze cane ku rugero ruteye ubwoba aho ibidandazwa vyankenerwa nk-umuceri, ibiharage n-ifu vyaduze gushika ku bice 50%.
Mu kurangiza, Ayo masendika asaba Leta ko uwo mugambi wayo wo gusubira gutanga ibibazo ku bigisha bari ku mirimo wohagarara maze ubushikiranganji bw-indero bukabanza kwugurura imiryango kugira ico kibazo giharirweko n-abo cega.
Ayo masendika yateyeko umukono k-urwo rwandiko ni SLEB, STEB, CONAPES, SYNAPEB, SIPESBU, SYNATEM, SYGEPBU, SYPEB hamwe na SYNAEB.
Recent Comments