Prezida Evariste Ndayishimiye arakurira inkoni ku gishitsi abibaza ko Umugambwe CNDD-FDD urota urekura igihugu,kuko igihugu bagifashe barushe
Ndayishimiye ati:”Igihugu twagifashe turushe,caratuvunye,ntakwanjajwa ngo turekure ico twafashe kuko twavuye kure’.

Mu myiyamamazo yo ku musi w’ejo igenekerezo rya 27 rusama 2025 muri komine musigati ahari hakoraniye abagumyabanga ba CNDD-FDD harimwo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye,umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca n’izindi ndongozi za CNDD-FDD,Perezida Ndayishimiye yakuriye inkoni ku gishitsi abibaza ko umugambwe CNDD-FDD urota urekura igihugu.
Prezida Ndayishimiye yaratanze impamvu aba CNDD-FDD badashobora kurekura igihugu.
Ashikiriza ko igihugu bagitoye barushe,kikabavuna,igihugu cari akajagari,ubu baracubatse,baratsimbataje democrasi,igihugu kiratekanye,uburundi burubashwe mu makungu mbere n’abarundi aho bari hose kw’isi barubashwe.
Yishimikije umugani w’ikirundi uvuga ngo ntakurekura iciza wafashe,Prezida Ndayishimiye avuga ko badashobora kwanjanjwa ngo barekure ico bafashe.
Agira ati:”twagifashe turushe,caratuvunye,ntidushobora kwanjajwa ngo turekure ico twafashe.”
Naho Prezida Ndayishimiye ashaka ko umugambwe CNDD-FDD uguma kubutegetsi,imyaka 20 iraheze batwara igihugu ariko igihugu aho kigeze n,akamaramaza.
Leta ya CNDD-FDD yarananuwe no gutorera umuti ikibazo c’igitoro kimaze imyaka 3,isukare,umwavu,iduga ry’ibiciro kuvyankenerwa n’ifaranga mvamakungu.





Recent Comments