Umunyepolitike Alexis Sinduhije avuga ko uravye aho igihugu c’uburundi kigeze ata yindi nzira atari kurandurana n’imizi intwaro ya CNDD-FDD izingamitse igihugu.
Alexis Sinduhije yemera kandi ko umuhari Red tabara ari intwari z’abarundi zizoshayura igihugu.

Umunyepolitike Alexis sinduhije arongoye umugambwe MSD utagikorera ku Butaka bw’uburundi kubera watswe uburenganzira yaratanze ikiganiro kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 rusama 2025 kuri Radio peace FM aho yagarutse kubibazo vya politike y’uburundi,amatora hamwe n’ikibazo c’umuhari Red tabara vyavuzwe kenshi ko ariwe awurongoye.
Alexis Sinduhije yoba akorana n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD ?
ALEXIS SINDUHIJE yamirira kure abavuga ko yoba akorana n’ubutegetsi bwa Gitega aho atanga umuco avuga ko abanywanyi ba MSD barenga 6000 bagipfunzwe,aba MSD 13000 bishwe urupfu rubi bamwe bakaba batazi iyo bahamwe hamwe n’impunzi ziri hanze y’igihugu nk’ibice 70%akaba ari aba MSD.
Aha akaba ashikiriza ko atazopfa akoranye n’ubutegetsi bwa Gitega ahubwo ko azobandanya kurwanya ubutegetsi bwa CNDD-FDD kugeza buranduranywe n’imizi kandi ko n’aba CNDD-FDD babizi neza.
Aya matora azozana umuti mu gihugu?
Kukibazo c’amatora agiye kuba kuwa 5 ruheshi 2025 n’inkinamico ntaco azozanira abarundi,ntahiganwa ririmwo nkuko Alexis Sinduhije abandanya abivuga.
Kubwa sinduhije asaba abarundi Bose ko burunda hasi birya bikaratsi vy’itora ntibatore umugambwe CNDD-FDD.
Kukibazo c’umuhari Red tabara wagiye wagirizwa na Leta ya gitega kwica inzirakarengane,uyu arongoye umugambwe MSD avuga ko ahubwo ari intwari z’abarundi.
Agira ati:”umuhari Red tabara ndawushigikiye,n’intwari z’abarundi zipfuza gukiza igihugu.”
Ikindi nuko kubwa Alexis sinduhije umuhari Red tabara uri kukazi kuko uhanganye n’ingabo z’uburundi muri kongo ndetse ukaba umaze kwimura ingabo za FDNB mu birindiro vyinshi.
None n’iyihe nzira yokoreshwa mu kwirukana intwaro ya CNDD-FDD?
kubwa Alexis Sinduhije avuga ko inzira zama zakoreshejwe mu kwirukana intwaro z’agahotoro.
1.kuja mw’ibarabara bakaborukana nkuko vyagenze muri 2015.
2.gufata ibirwanisho kuko iyi ntwaro ikoresha igisoda,igipolisi n’iperereza mu gutera ubwoba abarundi ariko kandi iyi nzira ishobora guhitana ubuzima bwa benshi.
Sinduhije akaba rero yemera ko akomeje urugamba rwo gukuraho intwaro ya CNDD-FDD kugeza itembagaye.





Recent Comments