Daniel Gélase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka aratangazwa n’abavuga ko uburundi bukenye n’ibi étage abantu bose birirwa barubaka,iyo igihugi kiba gikenye kiba caratembagaye.
Kubwa Gelase,igihugu kiratunze ariko kirimwo abantu bikunda gusa,basahura Leta bakuza ibifranga imifuko yabo gusa ntibiyumvire ineza y’igihugu.


Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe aratangazwa n’abavuga ko uburundi bukenye mu gihe abarundi brnshi bariko baduza ibi etage bubaka.
Gelase Ndabirabe ati:”igihugu ntigikenye iyaba gikenye kiba caratembagaye”.
Kubwa Daniel Gelase Ndabirabe ikibazo kihari n’abarundi batagikunda igihugu birirwa bayonyeza ubutunzi bwa Leta aho kwitwararika ineza y’igihigu.
Agira ati:”umuntu aho akora hose n’ukwikunda gusa n’umuryango wiwe agasahura akuzuza imifuko gusa”.
Gelase Ndabirabe avuga ko abashingamateka bohagurukira rimwe n’abanyagihugu bakarwanya abasahura ubutunzi bwa Leta nta nkeka ayo mahera yirirwa aribwa yoca agaruka mu kigega ca Leta.
ibi akaba yabitangaje ku musi w’ejo mu nama nshingamateka mu guhe bariko bihweza integuro y’ibwirizwa rihindura amafranga Leta izokoresha muri 2024-2025.





Recent Comments