UBM News ads

Igihugu casubiye inyuma muri mandat ya Prezida Ndayishimiye-Faustin Ndikumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhinga muvyo ubutunzi akaba arongoye ishirahamwe Parcem Faustin Ndikumana aremeza ko muri mandat y’imyaka 5 ya prezida Ndayishimiye ibintu vyarunyutse cane,igihugu kirasubira inyuma kandi Leta ivyemange.

Faustin Ndikumana ati”:iduga ry’ibiciro riteye ubwoba mu gihugu aho ryavuye kuri 8% ubu ni 40%,amafranga mvamakungu,ibitoro n’ikibazo”.

Umuhinga muvyo ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi kugira bashike kw’iterambere rirama Faustin Ndikumana aremeza ko muri iyi myaka 5 Prezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi igihugu casubiye inyuma bikomeye.

Faustin Ndikumana akavuga ko muvyerekeye ubutunzi;habaye iduga ry’ibiciro rikomeye aho ryavuye kubice 8% ubu rikaba rigole kuri 40%.

Amafranga y’agaciro,leta yari ifise ukwezi n’igice kwo kwinjiza ibintu mu gihugu ubu akaba ari indwi 2 gusa.

Amadeni Leta yari ifitiye amashirahamwe yari kurugero rwa 40% ubu akaba ari 60%.

Nayo kuvyerekeye amafranga Leta ikoresha,hagumye igihengeri maze imitahe mvamakungu ikaba ikaba yagumye igabanuka mu gihugu.

Uwo arongoye ishirahamwe Parcem akaba hari ashikiriza vyotuma haba impinduka:

-Amafranga leta ikoresha aguma yiyongera bikwiye guhagarara(masse monétaire)

Ibiciro vyo kuvunja bikwiye gusubirwamwo;

Harakwiye kuba politike nziza,ibi vyo kuguma bategura amatora arimwo utunenge bigahagarara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments