UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igihugu c’uburundi kiri mu manga gikenewe gushayurwa-Aloys Baricako

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’umugambwe Ranac Alyos Baricako amenyesha ko amagorwa igihugu c’uburundi kirimwo yobazwa umugambwe CNDD-FDD ukwije imyaka 20 uyoboye igihugu ariko kikaba kiri ku manga.kubwiwe avuga ko Umugambwe CNDD-FDD warukwiye kwigira kuri Leta ya tanzaniya aho Prezida John Pombe Magufuli yateje imbere igihugu mu myaka 5 gusa ariko CNDD-FDD ikaba itwaye imyaka 20 uburundi bukaba bugeze aho umwansi ashaka.Ibi yabishikirije kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 6 mukakaro 2024 mu ntara ya Gitega inyuma y’umwiherero w’imisi 2 kurwego rw’igihugu.


Mugihe umugambwe Ranac urongowe na Aloys Baricako wari umaze mumwiherero w’imisi 2 kurwego rw’igihugu,Umukuru w’umugambwe Ranac yarashikirije ko uburundi bugeze aho umwansi ashaka bukeneye uwobushayura hari kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 6 mukakaro 2024 mu ntara ya Gitega.

Alyos Baricako yamenyesheje ko ibihe uburundi burimwo bikwiye kubazwa umugambwe CNDD-FDD ukwije imyaka 20 uyoboye igihugu ariko bukaba bugeze aho umwansi ashaka.

Umukuru w’umugambwe Ranac yavuniye akagohe umugambwe Cndd-Fdd gufatira akarorero k gihugu ca Tanzaniya aho umuhisi Pombe Magufuli yateje imbere igihugu ca Tanzaniya mumyaka 5 gusa ariko Cndd-Fdd ikaba ikwije imyaka 20 igihugu kiri mu manga.
Igihugu c’uburundi cugarijwe n’ibibazo bijanye n’ubutunzi aho igitoro gisigaye ari ikibazo mu gihugu,amafranga y’agaciro,umuyagankuba,isukare.ibi bikaba vyarasubije inyuma ubuzima bw’abanyagihugu mbere n’igihugu kigira igihengeri muvyo ubutunzi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments