UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Prezida Evariste Ndayishimiye asabwa gutanga imihoho ku neza akabisa ababishoboye-Athanase Karayenga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umumenyeshamakuru w’inararibonye akaba akurikirana hafi politike y’uburundi Athanase Karayenga asaba Prezida Evariste Ndayishimiye gutanga imihoho ku neza akabisa Agathon Rwasa canke Fréderic Bamvuginyumvira.Ibi yabishikirije mu kiganiro cihariye yagiranye n’iradiyo Peace FM ijwi ry’urwaruka kuri uwu wa 4 mukakaro 2024.


Mu gihe igihugu c’uburundi cugarijwe n’ibibazo bidasanzwe mu bisata nka vyose vy’igihugu,Umumenyeshamakuru w’inararibonye akaba akurikiranira hafi politike y’uburundi abona ko ikintu gishobora gukiza igihugu muri kino ari uko Prezida Evariste Ndayishimiye yotanga imihoho akabisa ababishoboye aho avuga ko Rwasa Agathon Canke Frederic Banvuginyumvira boca barongora igihugu mu kiringo cumvikanyweko kugira habeho gutegura amatora yo gutora indongozi nshasha.Ibi yabishikirije mu kiganiro cihariye yagiranye n’iradiyo Peace FM ijwi ry’urwaruka kuri uwu wa 4 mukakaro 2024.

Nkuko Athanase Karayenga abishkiriza ,mu gihe Prezida Evariste Ndayishimiye yotanga imihoho hashobora gukira ibintu vyinshi kandi abarundi n’amakungu bakazobimwubahira.

Mu gihe Prezida Ndayishimiye yokwanka gutanga imihoho,Athanase Karayenga avuga ko abarundi Atari abana bazomenya ico gukora kuko umutegetsi yama akenera umunyagihugu gusumba uko umunyagihugu akenera umutegetsi.kubwiwe Avuga ko abarundi bafise ububasha bwo kumubogoza kandi ariko bikwiye kugenda kugira uburundi busubirane iteka bwatswe na Evariste Ndayishimiye inyuma yo kubahemukira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments