UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igihugu c’uburundi kiri mu bibazo bidasanzwe!-Jacques Bigirimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’umugambwe FNL Jacques Bigirimana avuga ko igihugu c’uburundi kiri mu bihe biteye ubwoba;Ibiza,ubukene bw’igitoro,isukare ,ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi,,.ku bwa Jacques Bigirimana ubwo bukene bwatewe n’ibura ry’ifaranga mvamakungu, agasaba Leta y’uburundi gutanga ikingongwe ku bantu bose bagirizwa gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero nkurunziza muri 2015 kugira imfashanyo zongere kuboneka.Ibi yabivugiye I gitega inyuma y’umwiherero w’abatwara uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu hari ku wa gatandatu igenekerezo rya 27 ndamukiza 2024.


Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL yaramenyesheje ko igihugu c’uburundi gihanzwe n’ibibazo vyinshi mu vy’ubutunzi kubera ifaranga mvamakungu ryabuze bigatuma abadandaza batagishobora kuja kurangura hanze y’igihugu.
Uwo arongoye umugambwe FNL atera akamo Leta y’uburundi ko yotanga ikigongwe ku bantu bose bagirizwa gutembaza ubutegetsi bwa Petero nkurunziza bose kugira abafasha uburundi basubire gutanga imfashanyo.

Jacques Bigirimana yagize ati:«iruhande yivyo biza vyateye igihugu cacu bije vyiyongera ku bukene bw’igitoro,isukare ,ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi,,.ubwo bukene bwatewe nuko ifaranga mvamakungu ryabuze mu gihugu ubukene buca buriyongera kubera ata badandaza bashobora kuja kurangura ibintu hanze ata ma dorare bafise.ivyahora vyinjira mu gihugu vyaragabanutse cane harimwo mbere n’imfungugurwa dusanzwe twirimira hano mu gihugu.kuri ivyo vyose rero umugambwe FNL dusaba Leta y’uburundi gushikiriza amajombo y’ihumure yohumuriza aba benegihugu bari mu ngorane,dusavye Leta gufata ingingo za politike zotuma aba benewacu b’abarundi bahunze igihugu c’uburundi bikunde batahe turazi ko benshi bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero nkurunziza muri 2015,dusavye Leta kugira imbabazi kugira ejo turabe ko amakungu na cane cane aba bafasha uburundi bavuze ngo baradukuyeko ibihano mugabo ni ku munwa gusa ibihano ntibiratuvako.»

Igihugu c’uburundi kigeze ku manga muvyo ubutunzi aho hamaze imisi hibonekeza Ibiza bidasanzwe bije gusongera isibe ibibazo uburundi bufise muri iki gihe.ni mugihe vyagaragaye ko n’amashirahamwe ya Leta atanguye no guhomba.Leya y’uburundi ikwiye kureka kwiremesha yemere ko igihugu kiri mu bibazo maze kirondere imfashanyo mu makungu kugira bagarure ibintu mu maguru masha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments