UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi bose bakwiye kwanka kugirwa abaja n’uwariwe wese- MGR Simoni Ntamwana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mgr Simoni ntamwana yahoze arongoye Diyoseze nkuru ya Gitega abandanya yemeza ko ikiringo ca 3 c’umuhisi Petero nkurunziza kitari gikwirikije amategeko mbere agahamagarira abarundi bose kutemera kuba abaja.agira ati:«jewe nukuri sindi umuja mbere nzogapfana! abarundi bose ntibemere kuba abaja» kubwiwe avuga ko arico gituma abarongoye inama nkuru y’abepisikopi katorika baciye bidohora mu matora kugira ntibaje gushigikira ubusuma.ibi yabivugiye kuri radiyo ijwi ry’amerika


Uwo yahoze arongoye arongoye Diyoseze nkuru ya Gitega ngo avuga ko atazodohoka mu kubandanya yemeza ko ikiringo ca 3 c’umuhisi Petero Nkurunziza kitari gikwirikije amategeko mbere abarundi bose bakwiye kutemera kuba abaja b’uwariwe wese.

Simoni ntamwana agira ati:«jewe nukuri sindi umuja nukuri sindi umuja jewe nzogapfana nshaka ko mbere n’abandi bose banyotewe kwishira no kwizana banka kwemera kuba abaja n’umuntu uwariwe wese abategeka ikintu kitarico.Naho yasubiye gutwara Umuhisi Petero Nkurunziza yatwariye kukiringo kidakwirikije amategeko.nico gituma mbere inama y’abepisikopi katolika twaciye dusokora akarenge no mumatora yakwirikiye kuko tutashaka gushigikira ubusuma kubintu twiboneye neza kandi ayo matora atubahirije ivyo ibwiriza nshingiro ryacu rivuga.»

Simon ntamwana yamenyesheje kandi ko mu bategetsi bayoboye igihugu uyu musi barangwa no kunyonyeza amatungo y’igihugu.agira ati:«kubwanje narabivuze kenshi abo badutwara bagenda bararyanira amatungo kadi ugasanga aribo baduha akarorero ko kuryanira amatungo.ese uwo mutima wohinduka w’abarongoye igihugu nukuri twoshobora kurongora buno Burundi.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments