UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

FEBABU yaraye ihagaritswe ku rwego mpuzamakungu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Komite nyobozi (Bureau central) y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaboko “FIBA” yaraye yemeje ingingo ihagarika ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi “FEBABU”.ibi biri mu cegeranyo c’ivyizwe mu nama y’iyo komite kuri uwu wa 26 Ndamukiza 2024.


Imvo y’iryo hagarikwa nuko ishirahamwe rya basketball mu Burundi FEBABU yatumiriye Dynamo BBC kutambara impuzu zanditseko Visit Rwanda mu nkino za BAL zabereye muri Afrika y’Epfo mu kwezi kwa Ntwarante 2023.

Iyo ngingo yari yafashwe vy’imfatakibanza ku wa 12 Ndamukiza na Andreas Zagklis, umunyamabanga mukuru wa FIBA, aho yasaba FEBABU gutanga insiguro ku vyabaye bitarenze igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2024.

Uwahora arongoye ishirahamwe FEBABU aherutse gutanga imihoho inyuma yahoo yagirizwa na bamwe kuba ariwe yatumye umurwi wa dynamo BBC kuva mu nkino mpuzamakungu warimwo inyuma yo gutanga itegeko ko abakinyi ba Dynamo BBC badashobora gukina bambaye visit Rwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments