UBM News ads

Amerika irinjiye mu ntambara muri Irani,biraherera he?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amerika yinjiye mu ntambara na irani:Donald Trump yamenyesheje ko ibibibanza 3 bihingurirwamwo ibirwanisho ruhonyanganda vya irani “Fordo,Esfahan Natanz”vyaraye bisambuwe n’ama bombe y’Amerika mw’ijoro ryakeye.

Trump avuga ko ibitero vyagenze neza cane akavuga kandi ko isiraheli na Amerika badashobora kwemera iterabwoba rya irani mu gukora no gutunga ibirwanisho ruhonyanganda mbere ibitero bigiye kubandanya kugeza irani yemeye umugambi w’amahoro.

Mw’ijoro ryakeye Amerika yagavye ibitero mu bibanza 3 bihingurirwamwo ibirwanisho ruhonyanganda arivyo Natanzy,Fordo na Esfahan .

Mu butumwe Donald Trump yasohoye yavuze ko Ibitero vyagenze neza.kandi Isiraheli na Amerika badashobora kwihanganira iterabwoba irani iguma yerekana kuri isiraheli na Amerika.

Prezida Donald Trump akavuga ko ibitero bigiye kubandanya kugeza irani yemeye umugambi w’amahoro

Hagati aho umuyobozi mukuru wa irani Ayatollah Ali Khamenei yavuze ko Amerika nayo igiye kwibonerako mu kwishurwa ibitero yaraye ikoze

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments