Abajejwe abimukira mu gihugu ca Serbie bamenyesha ko igihugu c’uburundi kigira gatatu inyuma y’ibihugu vya Afghanistani na Syria mu bihugu bifise abantu benshi basavye ubuhungiro. Ukwo gusaba ubuhungiro abarundi ari benshi muri Serbie biterwa ahanini nuko ico gihugu cakuyeho uruhusha bita «Visa» ku barundi bose bashaka kuba canke kwinjira mw’ico gihugu.
Icatumye Serbie ikuraho Visa ku barundi bose ngo nuko Igihugu c’uburundi cateye intambwe ikomeye ku ruhande rwa Serbie aho mu mwaka wa 2018 cahakanye ku mugaragaro ubwigenge bw’intara ya Kosovo isanzwe iri mu bumanuko bwa serbie aho yashaka kwiyonkora kw’ico gihugu Ariko mu mwaka wa 2012 , uburundi bwari bwemeye ko intara ya Kosovo yigenga nk’igihugu yiyonkoye kuri Serbie.
Ariko rero, Nkuko tubisoma ku rubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, abarundi binjira muri Serbie bageze ku murwa mukuru w’ico gihugu i Belgrade barahohoterwa cane n’igipolisi na cane cane iyo bagiye kurondera ibipapuro bibemerera kwitwa impunzi. Abatari bake barafungwa, bakamburwa utwo bafise twose, abandi bagasubizwa butarariye mu Burundi.
Recent Comments