Thursday, December 1, 2022
HomeInternational newsRDC: Perezida Tshisekedi ati nsinkekeranya ndazi neza ko M23 ishigikiwe n'urwanda.

RDC: Perezida Tshisekedi ati nsinkekeranya ndazi neza ko M23 ishigikiwe n’urwanda.

Umukuru w’igihugu ca  Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Félix Tshisekedi yamenyesheje kuri uyu w’Imana ko atagikekeranya azi neza igihugu c’urwanda kiriko gishigikira umuhari M23, Ariko ashimangira ko nubu agihagaze mu nzira yo kurondera imigenderanire myiza hagati y’igihugu ciwe hamwe n’urwanda. Tshisekedi ibi yabitangaje kuri uyu w’Imana igihe yari mu rugendo mu gihugu kibanyi ca Congo Brazzaville, kuganira na Perezida w’ico gihugu Denis Sassou Nguesso.Image

Perezida Tshisekedi akaba yavuniye akagohe ibihugu bibanyi ko bitofata akamo kiwe ko gushaka amahoro  nko kutagira inkomezi . Ati ntibice biba icitwazo  ku bihugu  bibanyi co guca bibasotora.

Uwuserukira Urwanda muri Congo, Amb. Vincent Karega yabwiye kuri uyu w’Imana ijwi rya Amerika ko igihugu ciwe nubu kigihagaze  ku nama zabereye i Naïrobi mu gihugu ca Kenya mu rwego rw’umuryango w’ubuseruko bwa Afrika , uw’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk’inzira izogarukana amahoro kuri ico gihugu.

Amb. Vincent Karega yasobanuye ko igihugu ciwe gishigikiye ko Congo n’imihari yafashe ibirwanisho iyirwanya bikwiye gusubira mu biganiro vy’amahoro.

 

Must Read