Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsCNL irababajwe akamwana wa mama gakoreshwa n'umugambwe CNDD-FDD mugutanga ubuzi bwa Leta.

CNL irababajwe akamwana wa mama gakoreshwa n’umugambwe CNDD-FDD mugutanga ubuzi bwa Leta.

Akamwana wa mama gakoreshwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD  mu gutanga ubuzi bwa Leta karababaje umugambwe CNL . Agathon RWASA arongoye uwo mugambwe mw’ijambo yashikirije kuri uyu w’Imana muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza hari  mu igihe uwo mugambwe wariko uhimbaza isabukuru y’imyaka 3 uwo mugambwe utanguye gukorera ku mugaragaro,  ati iyo nyifato mbi y’umugambwe uri ku butegetsi mu gutanga akazi yatumye igihugu kirwa mu manga.Agathon Rwasa uyobora ishyaka CNL

Agathon RWASA ati :«Akazi ka Leta kabonetse  ngo ni akabagumyabanga . Ikumira riri muvyatumye uburundi buja mu kaga ka mbere. Umuntu yaragiye ariga amashure nk’abandi araronka ingéniorat  hama batumako abaja gukora ikibazo ahantu , aragenda araronka 94% yari uwa mbere!  Hamwe rero  bavuga ngo baragenda  bakaguha ibibazo wishura ashitseyo ati :«umunyamabanga w’umugambwe muri komine yitwa gute? Ikibazo ngo cari ico nugende uzogaruka wamumenye»

Agathon RWASA avuga ko igihugu kirwa mu kaga bitewe nuko umuntu ahabwa akazi atabishoboye mu nyuma bikarangira yononye ibitari bike aba yajejwe kuzokora.  Uwo arongoye CNL agasaba abategetsi kuvavanura n’iyo ngendo maze hagatangwa ubuzi hisunzwe ubumenyi n’ubushobozi.

Must Read