Kuva kuri uyu w-Imana, haravurwa intambara mu buseruko bw-igihugu ca congo mu burere butandukanye bw-intara ya kivu yo mu bumanuko aho ziriko zihuza umuhari urwanya Leta y-uburundi, RED-TABARA hamwe n-igisirikare c-uburundi . Umuvugizi w-igisirikare ca Congo aremeza ko izo ngwano ziriko ziraba ariko akavuga ko ari imirwi y-abanyamahanga itaramenyekana iriko itana mu mitwe. Ivy-uko igisirikare c-uburundi cinjiye ku butaka bw-ico gihugu, Dieudonné Kasereka amenyesha ko akiri mu matohoza y-ayo makuru .
Ariko yishura ikibazo c-umumenyeshamakuru wa radiyo RPA , Dieudonné Kasereka yishuye uku:« jewe ndababwiye ko tukiriko turatohoza, urazi muri congo hari imirwi myishi irwana . Turacariko turatohoza kugira tumenye abariko bararwanira mu gace ka Kigoma abaribo. Bisaba ko turonka amakuru akwiye kugira tuvyemeze. Nsinshobora kuvyuka mu gatondo hanyuma ngo ntangure kuvuga ibi na biriya ata vyemezo mfise. Ariko ingwano ziriko zibera mu gace ka kigoma ico tuzi nuko ari imirwi y-abanyamahanga iriko irwana hagati yabo, vuba tuzovuga ivyarivyo hanyuma»
Ku rundi ruhande, Umuvugizi w-umuhari RED-TABARA, Patrick Nahimana amenyesha ko intambara ziriko zibera kuva kuri uyu w-Imana mu bice vya Gashenyo na Kitembe mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko aho yemeza kandi ko abasirikare b-uburundi hamwe n-imbonerakure bagiye kurwanya uwo muhari mw-ico gihugu bahasize ubuzima bagera kuri cumi hamwe n-abagera kuri mirongo ibiri bakomeretse naho nawene atavuze ivyahononekariye ku ruhande rw-umuhari wabo.





Recent Comments