UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Igihugu c-uburundi kirakekwa kuba kifasha abakora ibiyayuramutwe bikoreshwa n-imirwi y-abihevyi.

Nk-uko tubikesha iradiyo ijwi ry-umunyagihugu RPA, Kuwa 11 Nyakanga 2019, umunyamabanga w-ikigo mpuzamakungu kirwanya ibiyayuramutwe INCB, yarandikiye ikete umushikiranganji bw-amagara y-abantu mu Burundi  amushikiriza amakenga ku bijanye n-ubumara bw-umurengera bwariko bwinjira mu gihugu c-uburundi mu gihe uburundi bwari bwemerewe ko ubumara bwa  Ephedrine na  ketamine bukenewe butorenza ibiro bitanu ku mwaka,  uwo munyamabanga wa INCB Yavuga ko mu kiringo gito gusa uburundi bwari bumaze kwinjiza itoni imwe n-inusu  z-ubwo bumara , ni ukuvuga ibiro igihumbi na majana atanu. kubw-uwo mutegetsi, amenyesha ko bihweje we n-abo bakorana, n-uko  igihugu c-uburundi  kiza ubwa gatanu kw-isi mu bihugu bikenera cane ubwo bumara.Police to dispose 23 tonnes of ephedrine drug seized in 2016

Ico kigo INCB caciye kimenyesha ubushikiranganji bw-amagara y-abantu mu Burundi ko hari n-ibindi bisata mpuzamakungu biriko birakurikirana ivy-ubwo bumara busanzwe bukaze buriko bukoreshwa mu Burundi. Umushikiranganji w-amagara y-abantu Dr Thadee Ndikumana yoba yaratewe ubwoba n-ivy-urwo rwandiko rw-ikigo INCB. Niko  guca ashinga umurwi w-amatohoza ugizwe n-abakozi batanu bo mu bushikiranganji arongoye, Ivyo rero, Umushikiranganji Thadee Ndikumana akaba yabikoze kugira yereke amakungu ko Leta y-uburundi iriko ibikorako amatohoza. Uwo murwi washizweho n-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu warugizwe n-abantu ngo warerekanye  ko nawone utewe amakenga n-ubumara bwishi buriko bukoreshwa n-ishirahamwe PONA PHARMACEUTICALS rikora imiti mu Burundi aho ngo uwo murwi wasanze nko ku mpusha zimwe zimwe zahawe iryo shirahamwe hagiye habamwo ukwigana imikono y-abategetsi  no kutabona neza ico ubwo bumara bwategerezwa gukora. Uwo murwi wahavuye  utanga icegeranyo wongera usaba umushikiranganji w-amagara y-abantu ku kora amatohoza yimbitse kubw-ivyo ry-ubwo bumara bwishi bukoreshwa n-ishirahamwe PONA PHARMACEUTICALS. Ariko umushikiranganji Dr Thadee Ndikumana yoba ataco yahavuye akora kuvyo yarahejeje gusabwa n-uwo murwi.

Kugira Leta y-uburundi yereke amakungu ko iriko irakora amatohoza kubw-ubwo bumara bwishi bwagiye burinjira mu Burundi bugakoreshwa n-iryo shirahamwe rikora imiti PONA PHARMACEUTICALS,  Hoba ariho havuye ingingo yo gufata bagafungwa abarwizatunga babiri bahagarariye iryo shirahamwe risanzwe rihingura imiti mu Burundi. Abo n-abo ni :Prosper Hakizimana  hamwe na Joseph Nyamuthe w-umunyakenya arongoye iryo shirahamwe PONA.

Tubamenyeshe ko ubwo bumara bwa Ephedrine na ketamine buri mu bikorwamwo ibiyayuramutwe bisanzwe bikoreshwa naya mirwi y-abihevyi igisibije mu bihugu vya Afrika na Aziya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments