UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abatumye ibikorwa vyo kwubaka ingomero JIJI-MUREMBWE bidindira ngo bakwiye guhanwa.

UBM News ads

Mu rugendo yakoze kuri uwu wa kabiri mu ntara ya Bururi ahariko hubakwa ingomero niniya zizotanga umuyagankuba JIJI-MUREMBWE, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko n-ubwo ibikorwa vyakoze  ariko hakaba ugucerwa, umuntu canke abantu  batumye ivyo bikorwa bikwega amaguru canke bigakorwa nabi , ngo boshirwa ahagaragara  kugira ngo ivyo bakoze bashobore kubihanirwa.May be an image of 6 people and people standing

Kubw-uwo mushikiranganji wa mbere,  arasaba ko abariko bararangura ivyo bikorwa  ko bobikorana umwete kandi ko barabe uburyo bwatanzwe n-ibanki y-isi yose  buriko bukoreshwa neza kugira ngo bizobe vyarangiye mu kiringo gitegekanijwe.

Tubamenyeshe ko  izo ngomero zibiri z-umuyagankuba JIJI-MUREMBWE  ziriko zubakwa  k-uburyo  bw-amafaranga angana imiriyoni 270.4 z-amadorare y-abanyamerika. Ayo nayo akazova mw-ibanki y-isi yose,ibanki y-ubumwe bwa buraya,umuryango w-ubumwe bwa buraya,  i banki ya afrika ijejwe iterambere BAD, Leta y-uburundi hamwe ishirahamwe REGIDESO.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments