Mu rugendo yakoze kuri uwu wa kabiri mu ntara ya Bururi ahariko hubakwa ingomero niniya zizotanga umuyagankuba JIJI-MUREMBWE, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko n-ubwo ibikorwa vyakoze ariko hakaba ugucerwa, umuntu canke abantu batumye ivyo bikorwa bikwega amaguru canke bigakorwa nabi , ngo boshirwa ahagaragara kugira ngo ivyo bakoze bashobore kubihanirwa.
Kubw-uwo mushikiranganji wa mbere, arasaba ko abariko bararangura ivyo bikorwa ko bobikorana umwete kandi ko barabe uburyo bwatanzwe n-ibanki y-isi yose buriko bukoreshwa neza kugira ngo bizobe vyarangiye mu kiringo gitegekanijwe.
Tubamenyeshe ko izo ngomero zibiri z-umuyagankuba JIJI-MUREMBWE ziriko zubakwa k-uburyo bw-amafaranga angana imiriyoni 270.4 z-amadorare y-abanyamerika. Ayo nayo akazova mw-ibanki y-isi yose,ibanki y-ubumwe bwa buraya,umuryango w-ubumwe bwa buraya, i banki ya afrika ijejwe iterambere BAD, Leta y-uburundi hamwe ishirahamwe REGIDESO.
Recent Comments