Igihugu c-uburundi catowe kurongora inama y-amahoro n-umutekano mu muryango w-ubumwe bwa Afrika.

0

Kuva muku kwezi kwa Ruheshi uy-umwaka w-2021, uburundi nibwo buzoba buramutswa kurongora ibikorwa vy-inama y-amahoro n-umutekano mu muryango w-ubumwe bwa Afrika, bimenyeshwa n-igisata co mw-uwo muryango kijejwe ibikorwa vy-inama y-amahoro n-umutekano.China rejects claim it bugged headquarters it built for African Union |  China | The Guardian

Tubamenyesha ko  kuwa 28 Rusama 2021 uburundi  bwizewe kandi ngo burongore inama  Y-umurwi w-ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amahoro n-umutekano mu karere ka Afrika  yo hagati mur-uw-umwaka nyene w-2021.

Hari haciye igihe kirenga hafi imyaka itanu uburundi busa nubwakumiwe mu makungu bitumwe n-ibihano bwafatiwe kubera imvururu za politike zitewe n-ukwitoreza kw- ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza.