Imbere y’inama nshingamateka na Nkenguzamateka umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca avuze adashishije iruhande ko ikibazo c’ifumbire cabaye ikibazo kubera ifaranga mvamakungu ryabuze!
Agira ati:”icabiteye murakizi mwama mubenegihugu, saison A na B yagize ibibazo kubera ikena ry’ifumbire navyo vyatumwe n’ikena ry’amafranga mvamakungu”.

Bari bihaye ko bazotanga infumbire muri 2024-2025 ingana n’itonne 91.241 ariko bagatanga itoni 31.272.Muri rusangi irima rya saison A na B avuga ko ryagenze nabi kubera ico kibazo c’ifumbire yabuze bitewe n’ikena ry’ifaranga mvamakungu.
Agira ati:” icabitumye murakizi mwama mubenegihugu saison A yagenze nabi cane mbere na B nuko kubera ikibazo c’ifumbire naco catewe n’ifranga mvamakungu.”
Gervais Ndirakobuca yamye arangwa no kuvuga ibitangenda neza mu gihugu adacishije iruhande.mbere abatari bake babona ko hamwe abaye umukuru w’igihugu yari kugira vyinshi ahindura mu gihugu ariko ubu nawe asa n’uwuzibiwe impande zose kuko umukuru w’igihugu vyose asa n’uwavyifatiye mu minwe.





Recent Comments