Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe yemeza ko abashingamateka bari muyabira kubera amadeni batse mu banki bubaka amazu none mandat iraheze batayarishe ,akibaza iyo buca banyikira kuko yabahanuye kenshi kutubaka amazu mu madeni bakanka kumwumvira!
Gelase agira ati:”Muragowe,narababwiye ntimwanyumvira none ehe mandat iraheze!mwubatse gihutihuti amazu mu madeni none mugiye mutayarishe!muragowe!None buca muja he?USA n’ibulayi ntimuzohungirayo kuko bariko barirukana abirabure.”

Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe yaraye avuze ko abashingamateka bari muyabira kubera amadeni bafashe mandat ikaba igiye kurangira batayarishe.
Uwo arongoye inama nshingamateka avuga ko yahanuye abashingamateka incuro nyishi ariko ntibamwumvira baca bubaka amazu gihutihugu muma deni batse mu banki none bakaba bagiye batahejeje kuyariha
Gelase agira ati:”Mandat iraheze,narababwiye muranka kwumva,none mugiye mutarishe amadeni mwafashe!muragowe.none buca muja he?Ibulayi na USA Ntimuzinjirayo kuko naho bari kwirukana abirabure!none buca mubigenza gute?Muragowe!”.
Gelase Ndabirabe avuga ko abashingamateka benshi baciye bamanukana abagore n’abana mu gisagara babanje kurya agatongo none bagiye batarishe amadeni akibaza iyo buca bajana abana n’abagore!
Kubwiwe ahanura n’abandi bashingamateka buca batorwa kugura ivyunguka n’agatongo kuko koko karunguka.





Recent Comments