Urunani rushasha ICE RAPIDE Seruka rusaba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye guhagarika umugambi w’amatora akabanza gutegura inama rukokoma yohuza abarundi bose mu mirwi itandukanye harimwo n’abahunze igihugu kugira bakemure ibibazo bihanze uburundi muri kino gihe maze hagaruke icuka ciza mu gihugu.
Bob Rugurika asanzwe atunganya ibikorwa muri urwo runani avuga ko bariko barasaba amakungu,ibihugu bimwe bimwe,amashirahamwe mpuzamakungu n’inzego zimwe zimwe guhagarika uwo mugambi wa CNDD-FDD kugira hagaruke ituze mu mitima y’abarundi.

Urunani rushasha bita Initiative Citoyenne:Rassamblement des Patriotes pour l’instauration de la Democratie et dans un Etat de droit au Burundi”ICE RAPIDE-Seruka”ruhurikiyemwo Abarundi baharanira igihugu kigengwa n’amategeko basaba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye guhagarika umugambi wo gutegura amatora akabanza gutumako inama rukokoma izohuza abarundi bose mu mirwi itandukanye harimwo n’abahunze uburundi kugira habanze gutorerwa umuti w’ibibazo vyugarije uburundi muri kino gihe maze habe amatora meza ahurikiyemwo bose.
Uru runani ICE Rapide Seruka rwavutse muri nzero 2024 mw’ihuriro ry’abarundi ryabereye mu bubiligi kumagenekerezo ya 19,20,21 nzero 2024 ahari hakoraniye abarundi barenga 50.bakaba bumvikanye ko icihutirwa ari gushayura uburundi kuko bugeze aho umwansi ashaka.
Nkuko muri ICE Rapide Seruka babishikiriza ngo barandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mw’ikete ryateweko umukono kuwa 12 nyakanga 2024,aho bamusaba guhagarika umugambi w’amatora kuko ayo matora atunganijwe mu gihe uburundi buri mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi,mbere akaba atunganijwe habanje gukumirwa abarundi batari bake ibishobora kuvyura imivurungano mu burundi nkuko vyagenze muri 2015.
Nkuko Bob Rugurika asanzwe ari mubatunganya ibikorwa muri urwo runani,asaba abagumyabanga b’umutima bari muri CNDD-FDD,hamwe n’abanyapolitike batari mu mugambwe uri kubutegetsi kuraba neza ntibasange bariko bashigikira CNDD-FDD mu matora ashobora gukwega akarambaraye mu Burundi.
Bob Rugurika amenyesha ko bariko batera akamo amakungu,ibihugu bimwe bimwe,amashirahamwe mpuzamakungu hamwe n’abari munzego zimwe zimwe muburundi kugira bahagarike uwo mugambi w’amatora hakihutirwa nyabuna ibiganiro bihuza abarundi mu gutorera umuti ibibazo vyugarije igihugu muri kino gihe.





Recent Comments