Tuesday, December 6, 2022
HomeNewsIkena ry-ibikoresho vy-ugupima umugera wa Covid19 ryoba rigiye kutorerwa inyishu.

Ikena ry-ibikoresho vy-ugupima umugera wa Covid19 ryoba rigiye kutorerwa inyishu.

Umurwi w-igihugu ujejwe gukinga ikiza ca Covid19 wemejeko  umugambi uzoshikirizwa ishirahamwe  The Global Fund to fight AIDS , Tuberculosis and Malaria rishaka kufasha kuterera agacumu k-ubumwe ko kurwanya umugera w-ikiza Covid19  kisanze kihanze isi yose.Dr Thaddee NDIKUMANA umushikiranganji... - Ishimwe Magazine | Facebook

Iryo shirahamwe rikaba ryaremeye kuzotanga imfashanyo y-amahera yababa imiriyoni 17 z-amadorari y-abanyamerika aho Leta y-uburundi imenyesha ko yashize imbere gukoresha ayo mafaranga mukugura imiti n-ibipimo vy-umugera wa Covid19 bikaba vyamenyeshejwe n-umushikiranganji w-amagara y-abantu Dr Thadee Ndikumana ari nawe arongoye uwo murwi w-igihugu ujejwe gukinga irandagata ry-ikiza ca Covid19.

Tubamenyeshe ko mu bibanza no mu bitaro bitari bike bipima ikiza ca Covid19 hariko hibonekeza ikena ridasanzwe ry-ibikoresho vyo gupima aha twovuga nk-ikena ry-inkabuzo bita ˮreactifs‟ rikenerwa cane mu gupima Covid19. Abanyagihugu baguma baza kwipimisha bamenyesha ko vyari bisigaye bigoye kugira bahabwe ubwonyene inyishu z-ibipimo aho ngo vyashika n-indwi imwe canke zibiri kugira baronke izo nyishu z-ibipimo.

Must Read

RDC: M23 yemeye guhagarika intambara no gusubira ku birindiro vyayo vya...

0
Umuhari M23 wemeye guhagarika intambara ndetse no kurekura ibice vyose uherutse kwigarurira biri mu buseruko bwa Congo, mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Itangazo ryo kuri...