Ibomborabombora muri UPRONA ya Nditije.

0

Mu mugambweUPRONA wa Charles Nditije asanzwe atavuga rumwe n’Ubutegetsi bw’Uburundi, hariko haba ugusambuka kwawo, aho hari ugukombora mu mabanga kwa bamwe mu bawutwara.

Mu nyandiko zashizwe ahabona na Charles Nditije, asanzwe ari mu buhungiro mu gihugu c’Ububiligi, hamenyeshwa ko uwahora ari umunyamabanga mukuru wa UPRONA ya Nditije, ariwe Andre Habonimana yakuwe muri ayo mabanga mu kiringo c’amezi atandatu.

Uwundi muntu yakuwe mu mabaga yiwe ni Boneventure Gasutwa, uwahoze atwara abashingamateka ba UPRONA mu nama Nshingamateka, nae yakuwe mu mabanga yiwe.

Yaba umugambwe UPRONA wemewe n’amategeko, yaba UPRONA itavuga rumwe na leta, iyo migambwe yose isa niyivukana iri mubibazo vyo gusambuka kubera hari ukurwanira ibiti muri iyo migambwe no kwagirizanya gusesagura ubutunzi bw’imigambwe yabo.

UPRONA ya Nditije ikaba iri mu runani CNARED, urunani rw’abatavuga rumwe na leta y’i Gitega, urunani narwo rusa n’ururi ku mpfiro kubera ugutwara nabi kurangwa muri urwo runani rwari rwiyemeje gukuraho intwaro ya CNDD-FDD ariko ubu bisa n’ivyarutaye ku w’amazi.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here